1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. The Creed

Inyigisho y'intumwa Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa

عَنْ مُعَاذٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ، قَالَ:
كُنْتُ رِدْفَ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ عَلَى حِمَارٍ يُقَالُ لَهُ عُفَيْرٌ، فَقَالَ: «يَا مُعَاذُ، هَلْ تَدْرِي حَقَّ اللَّهِ عَلَى عِبَادِهِ، وَمَا حَقُّ العِبَادِ عَلَى اللَّهِ؟»، قُلْتُ: اللَّهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ، قَالَ: «فَإِنَّ حَقَّ اللَّهِ عَلَى العِبَادِ أَنْ يَعْبُدُوهُ وَلا يُشْرِكُوا بِهِ شَيْئًا، وَحَقَّ العِبَادِ عَلَى اللَّهِ أَنْ لا يُعَذِّبَ مَنْ لا يُشْرِكُ بِهِ شَيْئًا»، فَقُلْتُ: يَا رَسُولَ اللَّهِ أَفَلاَ أُبَشِّرُ بِهِ النَّاسَ؟ قَالَ: «لا تُبَشِّرْهُمْ، فَيَتَّكِلُوا».

Mu vyakiriwe na Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire) ni uko yavuze ati:
"Igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari ampetse ku ndogobwe yitwa Ufairu, aca avuga ati: "Ewe Mu'aadhi! Woba uzi agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo?". Naciye mvuga nti: "Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo bazi gusumba, nayo jewe nta nyishu mfise". Aca arishura ati: "Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa". Naciye mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! None ubwo sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza!?". Yaciye ivuga iti: "Eka! Ntuyibamenyeshe ku kwanka ko bokwijajara bakayifatirako maze bagaca badebukirwa mu bikorwa nyegerezamana"".

صحيح متفق عليه صحيح البخاري - 2856

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo, n'uko agateka kayo Ifise ku baja bayo ari uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga ari Imwe Rudende batayibangikanya na kimwe mu biremwa; n'uko agateka k'abaja bayo kuri Yo, ari uko Imana Allah Idahana abayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa. Hanyuma Mu'aadhi yaciye abaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ubwo none sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza kugira banezerwe maze bahimbarwe n'ibi vyiza!?"; ariko rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaramubujije ko yoyibamenyesha ku kwanka ko bohava bishinga kuyifatirako maze bakadebukirwa mu bikorwa nyegerezamana.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Kumenyesha agateka k'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yategetse abaja bayo, na ko kukaba ari ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga ari Imwe Rudende batayibangikanya na kimwe mu biremwa.
  2. Kumenyesha agateka k'abaja b'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yishinze ubwayo kukabubahiririza biturutse ku mpano no ku nema zayo. Ako gateka na ko, kukaba ari ukubinjiza mu Bwami bw'ijuru, Ikiyemeza no kutabahana .
  3. Harimwo inkuru nziza ihambaye ihumuriza abasenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya na kimwe mu biremwa, ko iherezo ryabo ari mu Bwami bw'ijuru.
  4. Iyi nyigisho y'intumwa, Mu'aadhi yayiganiye abantu imbere y'ugupfa kwiwe, ku kwanka kugwa mu caha c'ukunyegeza ubumenyi.
  5. Ikebura ry'ukutamenyesha bamwe mu bantu zimwe mu nyigisho z'intumwa ku kwanka ko hari uwohava atazitahura neza, na canecane mu gihe izo nyigisho zoba zidahurikiyemwo igikorwa kanaka canke igihano mpanavyaha (bivugwamwo).
  6. Abanyavyaha mu basenga Imana Imwe Rudende Allah, uguhanwa canke ukudahanwa kwabo kuzokwisunga ugushaka kw'Imana Allah; Ishatse Izobahana, Ishatse naho Ibababarire ivyaha vyabo hanyuma binjire mu Bwami bw'ijuru.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

69 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
YAO Yao الياو
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو