Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarashinze amabwirizwa ategerezwa kwubahirizwa "faradwi", ntimukayirengagize; Yarashinze n'ingingo mpanavyaha "huduudu", ntimukazirengeko; Yaranaziririje ibintu bitarekuwe gukorwa "haraamu", ntimukabivogere; Iraheza Ireka gushinga ingingo n'imwe ku bintu bimwebimwe mu ntumbero yo kubagirira impuhwe, maze Ibigira ukwo bidatewe n'ukwibagira; ntimukarondere rero kumenya ingingo zivyerekeye
Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, ngapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda
Ukwihumanura ni igice c'ukwemera, ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi, ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi
Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa
Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise
Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura
Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)
Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze
Uwo wese asenze mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri"; yemera Imana Allah; yemera n'uko ari igikorwa-nyongera ashize mu ngiro arondera indishi ku Mana Allah, araheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze
Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe
Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi. Uwo wese rero azogira uwo ageramiye, na we Imana Allah Izomugeramira; uwuzoremereza abandi na we Imana Allah Izomuremereza
Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa
Mu vy'ukuri, gutongera (kuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye), ukwambara ibiheko no gukoresha uburozi mu gukundanisha abubakanye "tiwala"(1), ivyo vyose ni ibangikanyamana
Nta ho vyakabaye ko imperezwa igabanya na kimwe mu butunzi bw'umuntu ; nta n'aho vyakabonetse ko Imana Allah Yongerereza umuja ababariye abandi, kiretse icubahiro n'iteka mu bandi; nta n'umuntu yicisha bugufi ku bw'Imana Allah, kiretse ko Imudugiriza icubahiro mu bandi
Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, nkapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda
Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi
Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga
Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa
Zina-kintu cose kiborera, ni inzoga; kandi zina-kintu cose kiborera, kirazira kikaziririzwa kucihereza. Umuntu uwo ari we wese rero anyoye inzoga mu buzima bwo kw'isi, maze akarinda apfa akiyinywa, atigeze yigaya ngo areke kuyinywa akiri muzima, ntazonywa namba ku nzoga mu buzima bw'inyuma yo gupfa
Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi
Mu vy'ukuri, Imana Allah Irakunda ko amabwirizwa yayo atanga agahengwe yubahirizwa, nka kurya Ikunda ko amategeko-bwirizwa yayo yubahirizwa
Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo
Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana
None burya Imana Allah ntiyabahaye ivyo mwotangako imperezwa!? Mu vy'ukuri, ininahaza n'itaziramana ryose "TASBIIH", ni imperezwa; ikuzamana ryose "TAKBIIR", ni imperezwa; ishimagizamana ryose "TAHMIID", ni imperezwa; iyemanga ry'uko Imana Allah ari Imwe Rudende "TAHLIIL", ni imperezwa; ukubwiriza abantu gukora ivyiza, ni imperezwa; ukubuza abantu gukora ibibi, ni imperezwa; vyongeye, no mu kurangura amabanga y'abubatse, harimwo imperezwa