1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Jurisprudence and Juristic Principles

Inyigisho y'intumwa Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa

عن ابن عمر رضي الله عنهما قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«مَا زَالَ يُوصِينِي جِبْرِيلُ بِالْجَارِ، حَتَّى ظَنَنْتُ أَنَّهُ سَيُوَرِّثُهُ».

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa".

صحيح متفق عليه صحيح البخاري - 6014

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umumalayika Jibrili atahengeshanya kwama yamwibukije kwitaho umubanyi, na we akaba ari urya muntu asanzwe yegereye ku muhana, yaba umwislamu canke umugararizamana; yaba uwa hafi mu muryango canke uwa kure; maze akitwararika kwubahiriza agateka kiwe no kutamugeramira, akamufasha mu bugwaneza, akamwihanganira hagize ico amubangamirako. Ntiyahengeshanya rero guhanura Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yitaho umubanyi wiwe kugeza n'aho, afatiye ku gateka kiwe gasabwa no ku kwama yamuhimirije kukubahiriza, yibwira ko Jibrili azohava amuhishurira ibwirizwa riha umubanyi ubureganzira bwo gutorana mu matungo yiwe azosiga niyamara gupfa.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Agateka gahambaye k'umubanyi, n'uko ari ngombwa ko kubahirizwa.
  2. Gushimangira agateka k'umubanyi mu kukita iragi "waswiyya", vyerekana ko ari ngombwa kwubaha no kwubahiriza umubanyi, ukumugaragariza urukundo hamwe rero no kumufasha mu bugwaneza, kumukingira igeramira iyo ryozanana hose, kumusuhuza igihe arwaye, kumukeza igihe agize urubanza, hamwe rero no kumuremesha igihe ahuye n'ikiza.
  3. Uko umubanyi aba ari hafi yawe cane niko agira agateka gashimangiwe kuruta ak'urya mubanyi ari kure yawe.
  4. Itungana ry'amategeko y'ikislamu mu kuba yaje ahurikiyemwo ibitunganiriza abantu mu kibano, mu gufasha ababanyi mu bugwaneza hamwe no kubarinda igeramira iyo ryozanaza hose.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

68 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
AK Akan الأكانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
YAO Yao الياو
KMR Kurmancî الكرمنجية