1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. The Creed

Inyigisho y'intumwa Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe

عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه عَنِ النَّبِيِّ صلى الله عليه وسلم قَالَ:
«دَعُونِي مَا تَرَكْتُكُمْ، إِنَّمَا هَلَكَ مَنْ كَانَ قَبْلَكُمْ بِسُؤَالِهِمْ وَاخْتِلَافِهِمْ عَلَى أَنْبِيَائِهِمْ، فَإِذَا نَهَيْتُكُمْ عَنْ شَيْءٍ فَاجْتَنِبُوهُ، وَإِذَا أَمَرْتُكُمْ بِأَمْرٍ فَأْتُوا مِنْهُ مَا اسْتَطَعْتُمْ».

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe; iyo rero hagize ikintu ndababujije gukora, ba muca mwirinda kugikora; n'iyo hagize ikintu ndabategetse gukora, ba mugikora mwisunze ivyo mushoboye (Uko bibashobokeye kwose)".

صحيح متفق عليه صحيح البخاري - 7288

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ko amabwirizwa y'ubwislamu ari mu mice itatu: amabwirizwa ata co yavuzweko, ibibujijwe gukora hamwe rero n'ibitegetswe gukora.
Umuce wa mbere: ni amabwirizwa ata co yavuzweko, ku buryo ata ngingo iyerekeye ihari; ayo akisunga kuba muri kamere k'ibintu ari uko ata bwirizwa ribibuza. igihe c'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), vyari ngombwa ukutabaza ku kintu kitaraba ku kwanka ko hohava hahishurwa ingingo itegeka canke ibuza ko gikorwa, kuko Imana Allah Yakiretse ukwo ata co Ikivuzeko ku kugirira impuhwe ibiremwa. Nayo inyuma y'urupfu rw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bikaba birekuwe kubaza, ahubwo mbere ni ngombwa kubaza mu ntumbero yo kumenya ico umuntu yokora ku vyamushikiye canke mu ntumbero yo kwigisha abantu ivyo bakeneye mw'idini. Mu gihe bibaye naho ku mvo zo kubaza ngo bikunde wiyemere canke kwimba mu mizi uwubazwa, ivyo ni vyo bibuzwa muri iyi nyigisho. N’ibi ni kubera ko bishobora gushika umuntu agashikirwa n’ivyashikiye Abanyasirayeri igihe bategekwa kubaga inka; iyo bishika bakabaga iyo ari yo yose batarinze kubazagiza ntibari gushikirwa n’ikigeragezo. Bagumye bashimika mu kubaza na bo baguma bahabwa inyishu z’amananiza.
Umuce wa kabiri: ni ibibujijwe gukora, na vyo bikaba ari birya bintu uwuretse kubikora abihemberwa; uwubikoze na we akabihanirwa. Ivyo rero, ni ngombwa kuvyirinda vyose.
Umuce wa gatatu: ni ibitegetswe gukora, na vyo bikaba ari birya bintu uwubikoze abihemberwa, uwubiretse na we akabihanirwa. Ivyo rero ni ngombwa ko umuntu abikora yisunze urugero rw'ubushobozi bwiwe.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Ni ngombwa ko umuntu yitwararika gukora ibihambaye gusumba ibindi, akareka gukora birya atarakenera muri uwo mwanya, akareka kandi kubazagiza ku bitarashika ngo bibe.
  2. Kirazira kikaziririzwa kubaza ku kintu gishobora gutuma ibibazo biba urusobekerane, no kwugurura umuryango w'ibibazo bitera amazinda bikaba vyotuma haba ukudahuza kenshi mu guhazana mu vyiyumviro.
  3. Ingingo itegeka kureka gukora ibibujijwe, yubahirizwa burundu kandi kuri vyose bibujijwe; kuko ata buremere buri mu kubireka, ni na co gituma rero iyo ngingo yubahirizwa burundu kuri vyose bibujijwe ata kivuyemwo.
  4. Ingingo itegeka gukora ibitegetswe, yubahirizwa hisunzwe urugero rw'ubushobozi bw'umuntu; kuko ukuvyubahiriza burundu ata kivuyemwo, bishobora gutera uburemere canke ukunanirwa kubikora; ni na co gituma rero iyo ngingo yubahirizwa hisunzwe ubushobozi umuntu afise bwo kuyishira mu ngiro.
  5. Ibuzwa ryo kubazagiza : Iryo bazagiza, abamenyi barigabuye mu mice ibiri. Uwa mbere muri iyo: ni ibazagiza ritewe n'imvo z'ukwigisha ibintu nkenerwa mw'idini, iryo rikaba ritegetswe, ni na ryo ryibonekeza kenshi mu kubaza kw'ingendanyi. Uwa kabiri muri iyo mice: ni ibazagiza riba mu ntumbero yo kwihatira kubaza, iri bazagiza rero, ni ryo ribujijwe.
  6. Kwihaniza abantu guca kubiri n'Umuvugishwamana wabo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) nka kurya vyagendeye imigwi y'abantu bo hambere yabo.
  7. Ukubazagiza ku bintu bidakenewe no guhazana ku vyigishijwe n'Abavugishwamana, ni imvo yo guhonya abantu, na canecane iyo ari mu bintu bidakunda ko umuntu abishikira; nk'ibibazo vyerekeye ibinyegejwe ibiremwa ata n'umwe abizi kiretse Imana Allah, n'ibizoba vyerekeye ibizoba ku musi w'umuhero n'ibizokurikira mu nyuma.
  8. Ibuzwa ryo kubazagiza ku bibazo bigoye. Al-Awzaa'iyyu yavuze ati: "Mu vy'ukuri, iyo Imana Allah Ishatse kwima umuja wayo imigisha y'ubumenyi, Iraheza Ikareka akarimi kiwe kakabaza ibintu bigoye kwishura kandi biremereye. Ni ukuri, abantu benakarimi nkako, nabonye ari bo bantu bafise ubumenyi buke cane". Mwene Wahbi na we yavuze ati: "Narumvise Maliki avuga ati: "Uguharira ku kwiyerekana mu bumenyi, bituma umuntu abura umuco w'ubumenyi mu mutima wiwe".

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

61 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو