1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Virtues and Manners

Inyigisho y'intumwa Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye

عن عمر بن الخطاب رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«إِنَّمَا الْأَعْمَالُ بِالنِّيَّةِ، وَإِنَّمَا لِامْرِئٍ مَا نَوَى، فَمَنْ كَانَتْ هِجْرَتُهُ إِلَى اللهِ وَرَسُولِهِ، فَهِجْرَتُهُ إِلَى اللهِ وَرَسُولِهِ، وَمَنْ كَانَتْ هِجْرَتُهُ لِدُنْيَا يُصِيبُهَا أَوِ امْرَأَةٍ يَتَزَوَّجُهَا، فَهِجْرَتُهُ إِلَى مَا هَاجَرَ إِلَيْهِ». وفي لفظ للبخاري: «إِنَّمَا الْأَعْمَالُ بِالنِّيَّاتِ، وَإِنَّمَا لِكُلِّ امْرِئٍ مَا نَوَى».

Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihembwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo; nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka". Mu majambo yakoreshejwe mu vyashikirijwe na Al-Bukhaariy: "Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye".

صحيح متفق عليه صحيح مسلم - 1907

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko ibikorwa vyose bihabwa agaciro k'indishi hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe. Iyi ni ingingo rusangi yerekeye ibikorwa vyose, vyaba ari ibikorwa nyegerezamana canke ibikorwa bijanye n'itunganywa ry'imirimo ya misiyose; ni ukuvuga ko uwugize ico akora aharanira inyungu z'ivy'isi (mu ntumbero yo kurondera ico yogikuramwo ng'aha kw'isi), nta co azoheza ngo ahembwe kiretse mu kuronswa ico nyene yazirikanye kurondera, nta n'impembo azoheza ngo akironkere mu buzima bw'inyuma yo gupfa; nayo uwugize ico akora mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, azoheza agihemberwe indishi n'impera n'aho coba ari igikorwa gisanzwe cane; nko gufungura n'ukunywa.
Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratanze akarorero mu kwerekana inkurikizi y'izirikana-gikorwa mu vyo abantu bakora n'aho boba babikoze mu buryo bumwe uravye ukungene babikoze, aho yerekanye ko uwazirikanye mu kwimuka ataye urwiwe arondera gushimwa n'Imana yiwe Rurema Allah, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwemewe ku bw'Imana Allah hisunzwe izirikana-gikorwa ryiwe; nayo uwazirikanye mu kwimuka kwiwe, guharanira inyungu z'ivy'isi (kurondera ibihendamaso vy'isi), mu matungo, canke mu vyubahiro, canke mu rudandazwa, canke umukenyezi, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwiwe, mu kuronswa ivyo yazirikanye bigatuma yimuka, nta n'umugabane w'impembo azoronka mu buzima bw'inyuma yo gupfa.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Guhimiriza umuntu ko yogira izirikanamana, kuko mu vy'ukuri Imana Allah, ntiyakira igikorwa kiretse icakozwe mu ntumbero yo kurondera gushimwa nayo.
  2. Ibikorwa vyiza vyegereza umuntu ku Mana Allah, iyo umuntu abikoze nk'ibikorwa bisanzwe vyo mu buzima bwa misiyose (mu buryo bw'akamenyero), ntaheza ngo abihemberwe iyo atabikoze mu ntumbero y'ukurondera kwiyegereza Imana Allah.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

69 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
AK Akan الأكانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو