1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Virtues and Manners

Inyigisho y'intumwa Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse

عَنْ أَبي مَسْعُودٍ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ النَّبِيُّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إِنَّ مِمَّا أَدْرَكَ النَّاسُ مِنْ كَلاَمِ النُّبُوَّةِ الأُولَى: إِذَا لَمْ تَسْتَحْيِ فَاصْنَعْ مَا شِئْتَ».

Mu vyakiriwe na Abu Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse".

صحيح رواه البخاري صحيح البخاري - 6120

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko mu vyakiriwe ku Bavugishwamana b'aho ha mbere, maze abantu bakabihanahana hagati yabo nk'iragi inyuma y'ikinjana ku kindi, gushika n'aho bishikira aba mbere mu bantu narungitsweko, n’uko woraba ukihweza neza ico ugomba gukora, ubonye nya kintu kiri mu bidateye isoni, ugaheza ukagikora; wabona kiri mu biteye isoni, ugashoka ukireka; kuko burya ikibuza umuntu gukora ibibi, ni ukuba afise isoni, uwudafise isoni rero nta co aba yinona, araheza akihebera ibibi vyose vy'agahomerabunwa.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Ukugira isoni, ni umushinge w'imigenzo n'ingeso nziza.
  2. Ukugira isoni, ni kimwe mu nyifato n'imigenzo vy'Abavugishwamana (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah), kiri no mu vyabaranze, ni n'iragi baraze abo barungitsweko.
  3. Ukugira isoni, ni co kintu gituma umwislamu akora ibintu vyiza kandi bibereye, akanareka gukora ibintu bibi biteye isoni (bimwambika urubwa).
  4. Al-Nawawiy yavuze ati: "Iyi ngingo ijanye n'ibirekuwe gukorwa "ibaaha", bisigura ko ushatse gukora ikintu ubanza ukaraba ko kibereye, usanze kiri mu bidateye isoni ku Mana Allah, eka no ku bantu nyene igihe wogikora, ugaheza ukagikora; wasanga bitari ukwo naho, ukareka kugikora. Ubwislamu rero bugendera kuri iyi ngingo, ivyo bigasigura ko igitegetswe kiba ari ibwirizwa, ikibereye na co kikaba ari kirya (kimenyerewe) umuntu agira isoni iyo akiretse. Ikibujijwe na co kikaba ari kirya kizira, ikitabereye na co kikaba ari kirya umuntu agira isoni iyo agikoze; nayo ikirekuwe "mubaaha", umuntu kugira isoni iyo agikoze birarekuwe, ni nk'uko nyene kandi n'ukugikora. Iyi nyigisho y'intumwa rero, ihurikiyemwo amabwirizwa atanu. Hari n'abavuze ko iyi nyigisho irimwo ingingo yihaniza ku nkurikizi z'ivyo bintu, bisigura ko mu gihe utagira isoni, ukora ivyo ushatse; kuko Imana Allah Izoguhembera ivyo wakoze. Hari n'iyindi nsiguro yavuzwe ko iyi nyigisho irimwo ingingo ijanye n'uguhanura gusa, bisigura ko uwutagira isoni, akora ivyo yigombeye ata co yinona.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

59 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو