1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Virtues and Manners

Inyigisho y'intumwa Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema

عَنْ المِقْدَامِ بْنِ مَعْدِي كَرِبَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: سَمِعْتُ رَسُولَ اللهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«مَا مَلأَ آدَمِيٌّ وِعَاءً شَرًّا مِنْ بَطْنٍ، بِحَسْبِ ابْنِ آدَمَ أَكَلاَتٌ يُقِمْنَ صُلْبَهُ، فَإِنْ كَانَ لَا مَحَالَةَ، فَثُلُثٌ لِطَعَامِهِ، وَثُلُثٌ لِشَرَابِهِ، وَثُلُثٌ لِنَفَسِهِ».

Mu vyakiriwe na Al-Miqdaamu mwene Ma'dii Kariba (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema"".

صحيح رواه الإمام أحمد والترمذي والنسائي وابن ماجه الأربعون النووية - 47

Ugusobanura

Umuvugishwamana w'umugwaneza (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aduhanura kwubahiriza umwe mu mishinge y'ubuvuzi, na wo ukaba ari umuntu gukingira amagara yiwe mu kugabanya imfungurwa, ku rugero rwo gufungura ibimuvuna inzara, agaheza agafungura ibimufasha kurangura ibikorwa nkenerwa, n'uko ikintu kibi cane amuntu yuzuza ari inda yiwe, uravye ingaruka mbi z'uguhaga zigizwe n'indwara zishobora kwiyadukiza zigafata umuntu ubwo nyene canke muri kazoza, zaba izifatira muri we canke izigaragarira ku mubiri. Mu nyuma, Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahanuye ko bibaye ngombwa ko umuntu ahaga, yopfuma afungura ibingana n'ica gatatu c'umushishito wiwe, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye na co akagisigira uguhema; kugira ntatumwatumwe ngo abure ingene ahema, maze ugutumbirwa gutume anebwa ntashobore gukora ivyo yategetswe n'Imana Allah, mu vyo yubahiriza mu bijanye n'idini ryiwe kibure ibijanye n'ivy'isi.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Ukutidagadura akarenza urugero mu gufungura no kunywa. Iki, ni wo mushinge uhurikiyemwo vyose vyerekeye ubuvuzi, kuko uguhaga umuntu akarenza, bitera indwara n'iminihiro myinshi.
  2. Ihangiro ryo gufungura, ni ukubungabunga amagara n'intege bikenewe kugira umuntu atekanirwe mu buzima.
  3. Ukwuzuza inda mu gufungura, bitera ingorane mu mubiri no mw'idini. Omari (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Mwoye (nimwirinde) kwuzuza inda gushika aho mutumbirwa; kuko vyonona umubiri bigatera ubunebwe bwo kudasenga".
  4. Ingingo ijanye no gufungura, iri mu mice itandukanye: hari ugufungura gutegetswe, na kwo kukaba ari kurya gufungura gutuma ubuzima bubungabungwa, kwabura naho kugatuma ubuzima businzikara (bugeramirwa). Ugufungura kurekuwe, na kwo kukaba ari kurya gufungura ibirenze kuri birya bitegetswe bizwi ko kudatera ingaruka mbi ku buzima. Ugufungura kutabereye, na kwo kukaba ari kurya gufungura gushobora gutera impungenge zo kubangamirwa kw'ubuzima. Ugufungura kuziririjwe ni kurya gufungura bizwi neza ko bitera ingaruka mbi ku buzima. Ugufungura gukundwa, na kwo kukaba ari kurya gufungura ku rugero rufasha umuntu gukora ibikorwa nyegerezamana na nyumviramana. Ivyo vyose rero, iyi nyigisho y'intumwa yabisiguye mu ngero zitatu, urugero rwa mbere: ni ukwuzuza inda. Urugero rwa kabiri: ni ukwivuna inzara ku buryo umuntu abandanya kubaho. Urugero rwa gatatu, ni urwo kwigerera tukaba turusanga mw'ijambo rivuga riti: "akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema". Ivyo vyose rero, vyubahirizwa ukwo, iyo imfugurwa umuntu afunguye zirekuwe "halaali".
  5. Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge w'itegeko mu mategeko ngenderwako y'ubuvuzi, kuko ubumenyi bw'ubuvuzi bushingiye ku bintu bitatu: ukubungabunga inguvu z'umubiri, ukwigerera mu vyo ufungura hamwe rero n'ugusohora ibitagikenewe n'umubiri, gutyo iyi nyigisho y'intumwa ikaba yigisha ku bintu bibiri vya mbere muri ivyo bitatu, ni na vyo nyene dusanga muri Aayah, aho Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ivuga Iti: ﴾Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura﴿ (Al-A'raaf: 31).
  6. Itungana ry'amabwirizwa y'ubwislamu, aho dusanga hahurikiyemwo amabwirizwa y'ibintu nkenerwa ku muntu, haba ku bijanye n'idini ryiwe canke ivyerekeye ubuzima bwiwe.
  7. Mu bumenyi bw'ibijanye n'amabwirizwa y'ubwislamu, harimwo imishinge n'amoko y'amategeko y'ubuvuzi; nka kurya hakiriwe inyigisho zigisha ku vyerekeye akamaro k'ubuki n'ak'udutete twirabura bita "Habbat Sawda".
  8. Ingingo z'amabwirizwa y'ubwislamu, zihurikiyemwo ibituma umuntu amenya imvo n'imvano bimushikana ku kuri mu mvugo n'ingiro, zikaba kandi zubakiye kw'ihangiro ryo gukingira abantu ibibononera hamwe rero no kubashikana ku bintu nkenerwa bibafitiye akamaro.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

58 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو